9 réflexions sur “Le Professeur BWEJERI Jean décrypte le génocide des tutsi en cours au Burundi

  1. Il est vrai que l’esprit du genocide n’est pas encore terminé au Burundi, mais le reste, en tant que Tutsi, non seulement nubwambere numva uwo mutama, ariko numvise umengo ntakomeye mu mutwe nimba atari ubwenge bwabaye bginshi bukarenga!
    Ati Buyoya n’umuhutu, ati i Arusha nta mututsi yariyo, ati mandat yanyuma ni ya Mwambutsa umututsi canke umuganwa?, ati nta contestation contre 3è mandat !!! Ngira Nkurunziza yamwumvirije araryoherwa! Ati ordre z’abatutsi ziva iwe gusa (abatutsi turagowe ndajubwiye!), ahubwo reka tuve mugihugu c’abandi dutahe muri Israel kuko turi abo muri abbysinie (finalement Kayibanda avait raison)! Ati ba « SINDUMUJA » na 3è mandat vyo nibikoresho vya bahutu, etc.

    Ntako nd’umututsi w’umubanda, ivyo bintu ndabiteye ivyatsi, ntihagire nuwuvyinjiza mu mutwe, Muze tubandanye urugamba twarimwo abarundi atavangura ry’amoko!
    Ba Alexis, ba Pancras, ba Habarugira, ba Nyangoma n’abandi komeza urugamba murimwo, ivyo ntibidusamaza!

    J’aime

  2. none mbwjeri ni umnya israeli, canke ni umurundi? none ivyo avuga ni indoto ziwe canke ni ukuri kwa histoire ko atawundi turavyumvana? Est-ce que vous êtes sûrs ko akomeye mu mutwe, canke ashaka amahoro k’uburundi?

    Enfin, ngo abatutsi bokorana n’abahutu beza! Mbega ninde mututsi afise balance izwi, yemewe n’abahutu, yo gupima mwiza na mubi k’umutima? Mbega abahutu nabo bifuza gukorana n’abatutsi beza bagashengeza babi bazotora gute iyo balance? Aha ngomba kuvuga ko n’iyo mvugo idatomoye, iri muzicanishamwo sans le vouloir ou sans s’en rendre compte.

    Muri make, ikibazo n’uko benshi bashobora kwiyumvira ko umuntu ashobora kuba afise aho ahagaze par erreur ariko ari de bonne foi, uwo bahanganye nawe uko. Vyiza n’ukuvugana rero dutumbereye gushira hamwe kugira tubogore igihugu kigeze kure. Uwakoze ivyaha abihanirwe sinon ntaho twoshika. Ikindi n’uko abatutsi, ego, intwaro mbi irabedetse, yamara n’abahutu badasangira na nkuru kw’isahani bagowe amwe. Mbwejeri rero, umututsi yomukurikira n’uwoba adakeneye kuzamura igihugu, kugarukira intahe imwe itavangutra y’abashingantahe b’ukuri. Mbwejeri, afise ubwenegihugu bwa Israel, ubwa Amerika , n’Ububiligi. Akwiye kwishira mu kibanza c’uwfise ubw’umurundi gusa, sans autre alternative de citoyeneté, kugira yumve ko uko turi kose, twese hamwe, dukeneye igihugu cacu, et non kugwa mu mutego wa nkurunziza nk’uko mbwejeri we ariko amukamira mucoze

    J’aime

  3. Aho abatutsi bageze mu kwicwa muburundi,professeur Mbwejeri aje hageze kandi nta numwe atabibona nuko le courage yo kubivuga itari bwaze.Abatutsi nibahagarare bicungere,banke akagaye kuko abahutu b’agatima kabi kakazikira nkaka nkurunziza n;akagwi kiwe(Aha simvuze abahutu bose kuko hariho abahutu beza,basenga,bazira gusesa amaraso) bagisibije mukwinjira mu ma quartiers tutsi guhonya abantu.Hagarara bwuma batutsi ntimwijajare ariko mumenye ko umututsi ageramiwe ariko kubera ubuhizi,ubutware,ubwenge n’ubukerebutsi twamanye dutegerezwa kwigwanira no kwikurako umwatsi.

    Aimé par 1 personne

  4. Uburundi burahanzwe! Amajambo avuzwe ntacizere kigaragara kuburyo yohindura imitima y’ubukoko yabamaze imisi bica,ahubwo abiba inzigo y’inzikira mu barundi. Ubu hakenewe amajambo anywanisha abarundi,bose bagafata kumwe ko ubwoko bubi ari ubwabicanyi.

    J’aime

  5. uwu mugabo nibaza ko ari ku mwitondera kuko abomukurikira ivyo avuga bosanga ariko akomera mu cose abarondeye gucanishamwo abarundi bakoresheje amoko. ico nosaba ni uko abarundi boguma bafatanye mu nda niba hari ico bashaka gushikako kuko bamaze gucanamwo mu muko bazoba batsinzwe ntibazoba bagiharanira iteka n ijambo

    J’aime

    • professeur ndamwumva cane. ariko nagomba kumubwira ko naho yoba ari umuhinga wa kahitse k’abatutsi biramugora kumenya ico bita nation. abatutsi ni ubwoko kandi bategerezwa kwemera ko ari abatutsi. abahutu ni ubwoko kandi bategerezwa kwemerako ari abahutu. abatutsi bategerezwa kuba mugihugu c’amategeko kandi n’abahutu ni uko nyene. abatutsi administration y’ubututsi nta narimwe baja kuyisaba ivyangombwa bibaha uburenganzira bwo gukora iki na kiriya. kandi n’abahutu ni uko nyene. ubwoko bwose bufise aho bwavuye kandi dusubiye inyuma mw’itanguriro, umuntu wambere yaremwe ni Adam,; uwakabiri ni Eve. mbwejeri ni baza ko atawugira gatatu azotubwira yabumbwe. ico yomenya nuko bibiliya itubwira ubwo ifatiye kumiryango. nukuvuga witwa yozefu bavuga ABAYOZEFU, WITWA furahimu babita ABAFURAHIMU. ni abatutsi kirazira ko bagira ubwoba ngo ninkehwa. bazoba inkehwa nibakeha ubwenge gusa. abahutu nabonyene ntibahendwe ngo nibenshi kuko vyinshi birakeha iyo uwubijejwe atabitunganya neza. bakeney igihugu gikwiriza ukuri n’ubuntu. ico ndatumiriye n’ukurwanira ukuri, iteka,inyungu z’umuryango n’intahe. abahutu bategerezwa kumenya ko ico bakunda kobagirirwa arico n’abatutsi bagomba kugirirwa naco n’amahoro ,iteka ubutungane butunganye. nimba urondera kwica uri umwansi w’uburundi ntarindi zina twokwita. ubwoko burabaho ariko iciza n’uko ubwo bwoko bwahawe igihugu butegerezwa kubamwo. abatutsi b’iburundi bahawe mu burundi. abahutu b’iburundi bahawe mu burundi. ahandi hose uzokwitwa impunzi canke ngo wahawe akabira. biratandukanye rero n’ukuba ufise iwanyu wavukiye. akana kari iwabo kagumana iteka kuburyo abarundi baciye umugani bati AGAKOBWA KARI IWABO KARONGORANWA IBINYORO. gira ahuba wubawe wa mututsi, wa muhutu n’umutwa naho twa mwibagiye. nimba umuntu wambere yaremwe ari umunye israeli, mbega umuhutu akomoka muri israeli kimwe n’umututsi. erekana ko uri professeur gose mugenzi. n’abatize barazi ko umugabo agwanira iteka. reka gukoresha emotions. bwira abarundi aho bagwaye. tora umuti w’ibibazo. reka kuvuga ko abatutsi biteka batogwanya ikibi. umuhanuzi wambere ni umutima wawe. ubwenge buruta na cane ubumenyi. abatama bakera bari mw’ubwenge bwinshi. subira inyuma urabe ico umushingantahe yakora mu burundi uzoca umenya ico ubwira abantu. murantunge navuze iciyumviro nk’umurundi kandi nk’umuntu y’ipfuza iteka ry’uburundi. ubwenge bw’umwe n’ink’inkon’iva.

      Aimé par 1 personne

Laisser un commentaire