Burundi: Honorable HUSSEIN Radjabu s’exprime sur le cas RWASA Agathon

https://scontent-cdg2-1.xx.fbcdn.net/hphotos-xft1/v/t1.0-9/12314043_1685110441728933_4683156308525046202_n.jpg?oh=c72fef82d0d692b70fc8664e8c8ab736&oe=56AF076D

RWASA qui semble perdu en Afrique du Sud

MBEGA, RWASA AGATHON HOBA HARI ABASHAKA KUMUGANDAGURA ? UBUTEGETSI BWA PETERO NKURUNZIZA BWOBA BUSHAKA KUMUTA MURI YOMPI ? MBEGA YOBA ARI UMUHEMU NK’UKO TUVYUNVA MU MINWA YA BAMWE BAMWE ?

Vyose biri mu nkuru z’invaho dufise ibindi bikaba biri mu vyo twunvise muri kimwe mu binyamakuru c’abarundi cavutse biturutse kw’iturirwa ry’amaradiyo n’ubutegetsi bw’icaduka bwa Petero NKURUNZIZA.

Ng’uku uko twiyunvira ntihagire uwubiduhora si ngombwa twiyunvire kumwe !

1. kuba RWASA AGATHON hoba hari abashaka kumuzimanganyiriza ubuzima nk’uko vyasiguwe n’umuvugizi wiwe Aimé MAGERA kuri radio inzamba nta gitangaje gihari. Ko hari abanywanyi biwe bagandaguwe abandi bakaba baratawe mu nvuto n’ubu hakaba ata mpuhwe biboneka ko bariko baragirirwa ! Urwo Rukundo rwotuma ubu ahekwa mu mpetso ya Petero NKURUNZIZA n’ikihe ? Uretse we, abanyepolitike nka bose bafise abayoboke batari bake barasharikwa na Petero NKURUNZIZA ku buryo ataworarama ngo yiyite 《SINDIMWO》.RWASA AGATHON nka twese n’akumbure yirarire nyabuna, wanashaka abiwe ni bakumbure bitwararike umutekano wiwe. Incuti yanje Petero NKURUNZIZA nzi kurusha benshi ntafyina kandi akugiriye inzigo ntapfa kuyiva ko. SHAURI YAKE Ntiyigera ayisubiza inyuma kiretse ku wemeye kumurigata ku birenge. Sinibaza ko ivyo AGATHON yobikora nk’umugwanyi yamaze imyaka irenga cumi aharanira agateka kiwe n’akabavuka gihugu biwe.

Igihe yaterwa ku rugo iwe maze agakura meza sinibaza ko ico yazira cazimanganye ! nari nibereye mu nvuto bitewe n’urukundo Petero NKURUNZIZA anfitiye ariko vyose narabikurikiranira hafi .

Sinibaza ko akabanza ko kuba icegera c’umukuru w’inama shingamateka kazimanganije icaha yari afise. Si RWASA ? S’abandi banyepolitike ? S’abari mu mashirahamwe adakiranira ivyicaro vya politike ? Bose n’ukwiyubara. Ariko bizere ko Uburundi buri hafi gukira ako karanda.

2. Muti Mbega ? Hoba hari umugambi wo kumuta mu nvuto ? Ubutegetsi bwa PETERO NKURUNZIZA uwo mugambi bwarawugeze kuva imbere y’amatora. Ubu burashobora kuba buwiyunvira canke nk’uko bwoba bushaka gusa kumugira ko iterabwoba kugira buzoze buramupfukamika bwongera bumuhagurutsa igihe cose bushatse. Ikiri ukuri n’uko mu nama nshingamateka habonetse ikete rimenyesha ko bitumwe n’uko hoba hari umutahe nvamakungu umurondeza ko Parake Nkuru y’Igihugu nayo nyene yaciye imutegurira dosiye. Ariko twarunvise kandi ko Uwuramutswa Inama Nshingamateka yoba yarandikiye umushikiriza manza Kizigenza wa REPUBURIKA ko ukumukurako ubudahangarwa bitabereye. Hamwe utoba wari umukino wo kuba baramukanga iyo ngingo ni nziza.

N’aho biri uko Nk’uwari icegera c’umukuru w’akanama kaserukiye ubutegetsi mu 2006 mu biganiro hagati ya PALIPEHUTU-FNL na Leta RWASA AGATHON arafise ubudahangarwa co kimwe na Petero NKURUNZIZA gushika aho umurwi wo kumenya ukuri no kurekuriranira uzotangurira ibikorwa vyawo icese.

N’aho ubu yorengutswa ntangorane, aburana yidegenvya yokwisigura bikunvikana. Ingorane n’uko PETERO NKURUNZIZA akunda gukoresha amasentare n’amaparake mu gupfunga abo ashaka kuzivya gusa. Amakuru dukura mu karere k’ibiyaga binini, n’uko nka bose babona ko RWASA AGATHON atorenganywa kandi abandi barindirijwe wa mugwi CVR.

Amakuru dukura muri rumwe mu nzego za Afrika Y’EPFO RWASA AGATHON arava I CAPE TOWN aja I Bujumbura kuri uyu wa 28 / 11 / 2015.

Turateye akamo abanyepolitike bo mu Burundi guhagarira amategeko haba kubo biyunva mwo n’abo batiyunva mwo kuko 《INKONI IKUBISWE MUKEBA UYIRENZA URUGO 》.N’aho havugwa ivyo gutaha kwiwe hari inkuru ziva mu biwe zivuga ko yahunze ubutegetsi kandi ko ivyo gutahuka yabivuye mwo.

3. Mbega ukuja mu butegetsi yoba yarahemutse ? Niko bivugwa n’abatari bake batavuga rumwe na wa mugabo yiyita umukuru w’igihugu c’uburundi ,ariko jewe siko ndabibona.

Ku bindaba nta masezerano twagiranye nawe novuga ko yagenye ! kandi ,umwe wese afise ibiharuro vyiwe. Si n’uwambere, gusa n’uko benshi bakunda kwihenda. Nawe karamuciye mwo arihenda kuri PETERO NKURUNZIZA.

Hinge tubibutse ibiharuro bisa n’ivyo yiyunviriye abandi bakoze.

-Mu 1997 inyuma y’aho Buyoya Petero atembagarije ubutegetsi bwa Sylvestre NTIBANTUNGANYA mu 1996 akagena NDIMIRA PASCAL kuba umushikiranganji wa mbere, yahavuye amusubiriza na BANVUGINYUNVIRA Frédéric. Uyu musi uwo MUNYEPOLIRIKE yosigurwa ko iyo ngingo yafashije inziraguhemuka kuba barahema maze baranagura umugambwe wabo.
– Mu 2007 bamwe mu Bashingamateka barabogojwe bagenzi babo barahora maze bakisigura ko banse ko Inama Nshingamateka ihagarara.
-Mu 2010 inyuma y’amanyanga mu matora y’amakomine maze imigambwe imwe igira urunani rwo kwiyonjorora, FRODEBU NYAKURI na UPRONA barasobotse maze baracengetera bashirwa mu nama nshingamateka. Babajijwe inyishu batanga ico gihe murayizi.
– Mu 2015 ingene vyagenze murabibona.

Aha rero ico novuga kiri kajajuri 《CAMUGANI GACAMUGANI ! BASEKA BATIKWIJE YAVYAYE NDABAKWAJE. 》.N’aho biri uko reka nshimire abanyepolitike ku nyifato bagize ubu, kuko baracifashe cane ku kibazo kijanye no kugwanya ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA.
MBEGA ! TWIZERE KO BAZOGUMA BIFASHE ?

Tubihe amaso ! Mporeee !

Honorable HUSSEIN Radjabu

Advertisements

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s