La célèbre journaliste burundaise KIRAMVU Domitille répond aux allégations de RUGURIKA Bob sur Radio HUMURA


KIRAMVU Domitille 15012016 165102RBI: Uwahora atwara iradiyo RPA itaraturirwa yaraye yiyamirije umwihwezo muheruka gukora. bob RUGURIKA yabicishije kw’iradiyo humura ikorera mû Rwanda. Mwavyakiriye gute ?

Madame KIRAMVU Domitille: Nagire ntangurire ku mwuga wo kumenyesha amakuru ingene ukorwa:

Ica mbere, kurirya radiyo humura yacishijeko birya yise kwiyamiriza, jewe amajwi yanje ntiyigeze ahaca. Ashatse kwiyamiriza yari gucisha aho nacishije. Kandi noneho nta nigituma kuko jewe sinigeze ndayicisha mu kanwa. Uretse ko navuze nti iradiyo rpa yakotse amatohoza. Ariko sinigeze mvuga ngo iradiyo yacu rpa. Canke nti iradiyo nkoramwo Rpa. Arasubira yumvirize neza.

Ica kabiri, avuga ngo singikora kuri Rpa. Ego cane. Noneko ari ibintu yarazi neza, amajambo yaraye ataye, yayatereye iki?

Ica gatatu, mumwuga wo kumenyesha amakuru, uvuze umuntu. Uwariwe wese, mu cubahiro ciwe, kiba gito kiba kinini, utegerezwa kumubaza nawe ico abivugako. None mwarumviseko na nyene gutwara irya radiyo humura ikorera mu Rwanda, ntaco asumbije abo akoresha. Kuko yabakoresheje amakosa. Bari kundondera bakambaza ico niyumvira  kurivyo vyatsi naraye  ntewe.

Ikindi Bob Rugurika yashatse kuvuga naho atagitomoye, yashatse kuvuga ko natutse ubutegetsi bw’I Bujumbura. Ntiyanduse. Kuko yabututse kunsumvya. None amaze kwifatira mu gahanga umukuru w’igihugu ko ariwe yaturiye amaradiyo, akifatira mu gahanga Nyamitwe,  ngo bashaka kugarukana ibibazo vyamoko, nyamitwe nawe  ari ukuboko kw’iburyo kwa president, aho ntiyatukanye? Urumva aho nta jewe nta Bob Rugurika.

Bob Rugurika yaraye atangaje ko na hamwe iradiyo RPA yaturirwa ntari nkiyikoramwo. Aha ngirango yashatse gukebura ubutegetsi bw’I Bujumbura ko umubi ari jewe. Ko iyo bamenya ko nari nagiye kera bari kuyireka. Kuko hari hasigayemwo inkundwakazi zonyene. Ashobora kuba ari mukuri. Mugabo ndibuka ninaba ntihenze ko nawe nyene bamupfunze, iradiyo irugarwa imbere yuko iturirwa. Arahagabira ngirango umubi yarabangamiye ubutegetsi murirya radiyo sijewe gusa. Kuko vyasigaye biraba navumye agashambara.

Ica kane, Bob Rugurika avuga ngo iradiyo RPA. Mbega iyo radiyo avuga niyihe? Ko nawe nyene yavyivugiye ko yaturiwe. Irya yavugiyemwo si RPA. Abantu bose barazi ko yitwa Humura. Akaba ataruko rero yarabeshe abantu.

RBI: None ku bwanyu kugirango Bob RUGURIKA abavugeko birya bintu harico mupfa ? Murankana ?

Madame KIRAMVU Domitille: Jewe Bob Rugurika nta rwanko na rukeyi ndamufitiye. Mugabo kubimwerekeye, nibazako urukundo ankunda atari ikirenga. Ariko ntamutsi wishe ibere. Urwanko anyanka ntirunkomeretsa. Akivuga birya bintu kurirya radio Humura, yagomba ngo kumaramaza. Nari kumaramara iyo atangariza harya nyene ati ndamukuye mu kazi. Mugabo maze umwaka urenga ntayikoramwo. Yibukeko atanyirukanye. Naragasezeye. Ko ashigikira ivyo navuze naho, ntavyo namusavye. Jewe natanze iciyumviro kucokorwa kugira igihugu canje kive mu kaga. Kuko ndabifitiye uburenganzira nk’umurundikazi akunda igihugu ciwe. Ntawe nasavye ngo anshigikire. Ni nka Pacifique Nininahazwe arongoye FOCODE yanditse ngo ntanshigikiye. Nawe nyene ntavyo namusavye. Nkuko nawe ivyo yama yandika batabishigikira bose. Na jewe sinemera ivyo ashikirije vyose, ariko sindamurenza ugwamo.  Yaba Bob Rugurika, yaba Pacifique Nininahazwe, bose uko ari babiri bataye amajambo y’ubusa. Ku binyerekeye novuga mu kinofunofu nti : ils ont rate une occasion de se taire.

RBI: None kubwanyu ivyo Bob RUGURIKA yaraye akoze mubona bigamije iki ?

Madame KIRAMVU Domitille: Bob Rugurika ntaco akorera ubusa na kimwe. Birafise ico bigamije nyene. N’ibintu bibiri :

Ica mbere yagomvye kungurisha. Mukwerekanako jewe nd ‘umubisha nanka ubutegetsi. Ko wewe ari umweranda atanka inzego zirongoye igihugu.

Ica kabiri : yashatse gusabira inda yiwe ni y’umuryango wiwe. Kumbure ashaka kwiyamirize abarwanya ubutegetsi bose,abatwara igihugu bace bamubona neza,  bace  bamwugururira iradiyo.Asubire atware. Ivyo ndavyita  akabonge ko gutwara. Bitayeko, bace bareka kumuhiga, we n’umuryango wiwe batahe mu gihugu bave mu buhungiro.

Ariko ntakintangaza kuri Bob Rugurika. Yamye ari Nzisabira.  Iradiyo RPA yarayirondeye hasi hejuru ngo ayitware. Arakubita inkoro hasi. Yama aja gushengera iyo bisabwa aratinda arayironka. Akarato kari bwate agatemere. Ibi ndabivuga kuko ndabifitiye ivyemezo:  harya murirya radiyo Bob Rugurika nta mashuri arusha abandi. Aretse kuba inkandagirabitabu gusa. Ariko ntiyarengeje amashuri yisumbuye.  Humanites. Je ndakekako ata n’urupapuro rw’umutsindo yaronse. Kaminuza ariyo  universite, ntimumubaze. Yarakubitiye muri hope. Umengo ntiyarengeje amezi atatu muwa mbere. Aca agaruka yiruka kuniganira gutwara iradiyo RPA. Yaruhiye kumwegukira kandi atarusha amashuri benshi.

Bitayeko,Bob Rugurika ntaburambe mu kazi ko kumenyesha amakuru arusha abakora muri RPA bose, bimwe bita experience. Kandi si benshi asumvya kumenya akazi. Ni birebire. Muri RPA harimwo abakozi bakwije, bafadikanije ubumenyi n’uburambe, bazi no gukora umwuga uko bitegerezwa, ariko ico kibanza ntaco baronse. Kuko batazi gusaba, kuko batazi gukubita inkoro hasi.

Uko bisa kose, Bob Rugurika, kuruyu wa kane igenekerezo rya 14, yaragerageje gukorera ubutegetsi bw’I Bujumbura , abicishije ngo mukunsambura. Hamwe rero ubwo butegetsi butomuronsa ivyo yabusavye, bizombabaza. Kuko azoba yagize ugusha no kugoka.

Propos recueillis par CIRAMUNDA Richard,
Directeur de la Radio BUJUMBURA Internationale

Advertisements

10 réflexions sur “La célèbre journaliste burundaise KIRAMVU Domitille répond aux allégations de RUGURIKA Bob sur Radio HUMURA

  1. Ntawurwana N’ Imana Nimutapfukama Ngo Muyisabe Ikigongwe Muzokwisesera Ka Gatabi Kanyu Kandi Mugihere Inyuma.Abarundi Nubwo Bokwishirira Amaboko Mwikoti Imana Yacu Ntisinzira Vyose Izobikora Nimurindire Gato Ukuri Kuziyerekana Ivyo Mwabeshe Vyose Bizoja Ahabona!

    J'aime

  2. Ibintu dimitirá KIRAMVU yashikirije mimoso iheze, Hewe ndabishigikiye ijana kwijana.abavuga ivyo bushakiye kunyi tavuze,(ntiyantumye) nibabantu bameze uko mujeri imeze, nibabandi bampemuke ndamuke. Naho abariko bitwaza amacakubiri, babiba urwiri Rubí mubana babarundi, ndababwijukuri ko bazofa nani.nkivyo jacques bigirimana yashikirije, totes dará wanje ngo ari muri opposition.ninsmenye yuko imisi yumwicanyi iriko irabaherana.IMANA iracadufise kumutima kandi izodukurako oyó mbwebwe yumwicanyi.

    J'aime

  3. ndabivuge ndabisubire abo bantu bari ntirumveko ntitubashaka dukunda abamenera inda kurutoki abo umengo ukuguru kumwe kuri hanze ukudi kuri indani turabazi rero kiramvu komera kandi wamye ushira hanze amabi yabo bategetsi dukeneye abantu nkawe komera muvyeyi

    J'aime

  4. Mme Domitille Kiramvu dit tout haut ce que beaucoup de Burundais pensent sans pouvoir le dire par peur de représailles.
    Oui, Pierre Nkurunziza est un criminel et on ne peut que lui souhaiter que ce qu’il a généreusement a donné à des centaines de Burundais, à savoir la mort.
    Aujourd’hui, la question n’est pas « qui peut assassiner Nkurunziza? ». La bonne question est « qu’est-ce qu’on fait pour allécher les tueurs à gages? » En d’autres termes « Combien de dollars sommes-nous prêts à mettre sur table pour s’offrir la tête de Pierre? ». Si on peut réunir l’équivalent de 10 mille dollars, on est certain de voir des tueurs de tous horizons se bousculer au portillon. Mais si on ne sait que parler, c’est qu’on n’a pas encoure souffert assez.
    Il faut que les Burundais cesse d’attendre leur salut de l’Union africaine ou de l’ONU. Aide-toi, le Ciel t’aidera. Wizera umwami imuhana, ugaterekera rirenze.
    Oui, Nkurunziza doit mourir, le plus tôt sera le meilleur, à condition d’y mettre le prix. On en est capable! Qui veut commencer la collecte?

    J'aime

  5. Kiramvu, nta kintu na kimwe wavuze muri irya intervention yawe kitarico; pour te dire que nous te soutenons à 100%, si Peter Nkurumbi l’opposition itagiye hamwe ngo imwiyamirize canke ngo bamukubite urwo mu mutwe, ntagahengwe nagato; Domitile rero, ntuhogore nabarondera des places mumatako yimbaragasa, fin des fin on vaincra abamenja

    J'aime

  6. Nanditse iyi message Nkeneye ko Bujumbura News yoyinshikiririza ababantu bakurikira, Umushingantahe , Pacific Nininahazwe, Umufasoni Kiramvu, umushingantahe Bobo Rugurika, nshizemwo na Rukindikiza Gratien , murabantu abarundi bumutima dukunda cane, dusonera cane , kandi dushima ukwitanga mumaze kwereka abarundi muguharanira ineza yuburundi nabarundi bose atanumwe mutandukanije, Kandi murabona ko mumaze nokubizira , mwese mwarafunzwe, ubunaho mugorewe mumahanga.

    Ndabasavye rero , mwikubite agashi, murengere utwotuntu bita  » personal big ego » twanyu mupfa, nutuntu duto cane , Musabane imbabazi , Pacific na Bobo nimusabe imbabazi Kiramvu, kandi mubabariranire , ntaco murondera ingorane aho zitari, umwasi yabangaje mwese n’umwe, urugamba go kumugwanya murarusangiye, musoneranire mumajambo muterana, kuko umwe anyereye mwese ntimwoca munyererera rimwe, hanyuma musonere iciyumwiro cuwundi, umwe wese ka mwene gihugu arafise ico ashikiriza kugatwe kiwe , kandi ça engage lui seul, ahubwo nukumushigikira , ntimusubire kwiha amenyo yabatwenzi, ntimusubire gukamira mucogeje umwasi, ngo abe aranezegwa ngo mwacanyemwo.

    Kiramvu ntavuganabi gusumba abo ba bisha bo kwa Nkurunziza ntokwirigwa ndadondagura abitwa ba REveriyano, ba Ndabirabe , Banyamwitwe, Banzobonariba nabandi ….., birigwabaratamba kumivimba yabenewacu bahejeje kunigagura,…. mugabo ntimurumva umuhutu n’umwe mukagwikabo abatera ivuatsi.

    Iyongendo rero mwikebuke ntibize bisubire, twoba duhemukiye incungu tumazekubura zirigwa zirigura igihugu. Izimpanuro zerekeye na Rukindikiza, musabwe mwese gufatana munda, ingwano zigwanwa kwishi, uwufise inkoho arase umwasi, uwuzi kwandika yandike ibica intege umwasi , uwuzi kuvuga avuge ibica intege umwasi, twese duhuriza kuwo mwasi umwe yatwangaje ntankeka turihamwe tuzomutsinda.

    Tous unis, il n’y a pas de doutes nous vaincrons . Nagomba mpeze ndabibutse uyu mugani wa ML King « Nous devons apprendre à vivre comme des frères sinon nous mourrons comme des idiots ».

    J'aime

  7. Urakoze Mupfasoni Domitira Kiramvu! N’ukuri abarundi batari bake turagushigikiye, komera k’umuheto! Uwo Bob Rugurika uvuze nawe, jewe ndamuzi, twarabanye, twarakuranye aho kwi Jabe, twavanye mu Kamenge, kuko sinzi ko ubizi n’iho yarari imbere y’amagume ya 1993. Ntusarare ngo uturike, Bob turamuzi akiri umuntu « asanzwe » Sinduhije ataramuha kurongora RPA. Ivyabo biri mukurangira, batembana vuba cane, n’izi ncuti zabo z’AMARASO! Harya ivyo bakora barabizinanyemwo, ahubwo abari inyuma yabo n’ibo bijuju!

    J'aime

  8. Komera Kiramvu turi inyuma yawe! Bob Rugurika nawe, abatamuzi bazomumenya kuko ntamisi ihera atikuyeko agashambara, muvyo avuga canke akora, mu buzima bwiwe bwa misiyose! Twarabanye kwi Jabe, akiri umuntu « asanzwe. » Ibihe vyabantu nkaba Bob, nturinde usarara Kiramvu, biriko biregerana, azoja n’izi ncuti ziwe z’amaraso, hamwe na sebuja! Imana iduhe kuramba gusa.

    J'aime

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion / Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion / Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion / Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion / Changer )

Connexion à %s